Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje nti Kora iki, akagikora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kuko nanje ndafise abantegeka kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti ‘Kora iki,’ aca agikora.”

Gade chapit la Kopi




Luka 7:8
12 Referans Kwoze  

Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atar’ iyo babahagarikiye gusa, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere mutagira ubupfunya mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru.


Paulo ahamagara umwe mu bagabisha b’abasoda ijana, ati Jana uyu muhungu ku mukuru w’abagabisha b’abasoda; afise ijambo amubarira.


None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi cane‐cane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo ni twamara kumusiguza, mbone ico kwandika.


Abarira umugabisha w’abasoda ijana kumurinda urw’ amaso, no kutabuza n’umwe mu bagenzi kumukorera.


ati Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganūtsa wewe Feliki umwubahwa, icēgēra ca Kayisari.


Ahamagara babiri bo mu bagabisha b’abasoda ijana, arababarira, ati Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n’abagendera ku mafarasi mirongwirindwi, n’ab’ amacumu amajana abiri, bahenge mw ijoro isaha zitatu bagende.


ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza ah’ uri: ariko vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.


Yesu yumvise ivyo, aramutangarira, ahindukirira ishengero rimukurikiye, ati Ndababgire, Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli.


Nukw abasoda bābīra Paulo uko babariwe, bahenga mw ijoro bamujana muri Antipatiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite