Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Yesu ajana na bo. Atakiri kure y’inzu, wa mugabisha amutumakw incuti ziwe, ati Mugenzi, nturinde kwigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Yesu aca ajana na bo. Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: “Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:6
15 Referans Kwoze  

Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.


Aragenda, ajana na we. Ishengero ryinshi riramukurikira rimubanda.


Akivuga, haza umuntu avuye kwa wa mukuru w’isinagogi, ati Wa mwana wawe aracikanye, ureke kugora umwigisha.


Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.


Na bo bashitse aho Yesu ari, baramwinginga cane, bati Birabereye k’umugirira urtyo,


Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri.


kukw akunda ubgoko bgacu, n’isinagogi yacu ni we yayitwubakiye.


ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza ah’ uri: ariko vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite