Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Iki ni co gitumye nkubgira yukw ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi: arik’ ūhariwe bike agira urukundo ruke.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Nuko rero ndakubwire, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.”

Gade chapit la Kopi




Luka 7:47
25 Referans Kwoze  

Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda.


Bana bato, ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri.


Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira,


Ubuntu bg’Imana bubane n’abakunda Umwami wacu Yesu Kristo bose ata bupfunya.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Kuk’ ugukunda Imana ar’ uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ ivyagezwe vyayo ntibigora.


kand’ ubuntu bg’Umwami wacu bgiyongeranya kuri jewe, bo n’ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu.


Kand’ ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bgenge no mu kumenya kwose,


Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha.


Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.


Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.


Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga.


kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ntiwansutse amavuta ku mutwe: arik’ uyu ansīze amavuta atāmirana ku birenge.


Abgira wa mugore, at’ Urahariwe ivyaha vyawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite