Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Ahindukiriye wa mugore, abgira Simoni, at’ Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe, ntiwampa amazi yo kwoga ibirenge: arik’ uyu antonyangirije amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Aca ahindukira araba wa mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Wabonye uwu mugore? Aho ninjira mu nzu yawe ntiwampaye amazi yo kwoza ibirenge, ariko we yatotesheje ibirenge vyanje n’amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:44
11 Referans Kwoze  

handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.


Nukw abajana i we, agaburira izo ndogoba; nuko bamaze kwoga ibirenge, bararya baranywa.


Nuko wa mugabo yinjiza abo bantu mu nzu ya Yosefu, abaha amazi, boga ibirenge, agaburira n’ indogoba zabo.


arababarira, ati Batungwa, ndabinginze ni muze i wanje ku musavyi wanyu, muharāre iri joro, mwoge ibirenge, buce mwizindukira, mufate inzira, mugende. Baramwishura, bat’ Oya, turarāra mw ibarabara buce.


nuko bazane utuzi mwoge ibirenge, muruhukire musi y’igiti:


Ava hasi arūnama, yicisha bugufi, aravuga, at’ Ehe nd’ incoreke yawe, umuja wo kwoza ibirenge vy’abantu ba databuja.


Ariko mweho mwatētereje umworo. Non’ abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?


Maze Dawidi aramubarira, ati Manuka uje i wawe, woge ibirenge. Nuko Uriya asohoka mu ngoro y’umwami, bamukurikiza ingaburo agaburiwe n’umwami.


ahagarara inyuma yiwe, hafi y’ibirenge vyiwe, arira, atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura, abisīga ya mavuta.


Simoni aramwishura, ati Ngira ngo n’uwo yahebeye nyinshi. Na we aramubgira, at’ Uvuze ukuri.


araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite