Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Aramubgira, ati Hābaye umuntu yagurāna, yar’ afise abari mu mwenda wiwe babiri. Umwe yar’ amufitiye idenariyo amajana atanu, uwundi mirongwitanu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Yesu aca amucira umugani ati: “Habaye muntu yaguranye idenariyo abantu babiri; umwe amuha ibihumbi amajana atanu, uwundi ibihumbi bitanu.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:41
17 Referans Kwoze  

Iki ni co gitumye nkubgira yukw ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi: arik’ ūhariwe bike agira urukundo ruke.


Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira,


Uno muntu asohotse, abona mugenzi we yamurīriye umwenda w’idenariyo ijana; aramufata, amugwa mu gahogo, ati Nyishura ivyo umperaniye.


uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu;


bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana;


uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi.


Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?


Arik’ ūtar’ abizi, agakora ibikwiye kumukubitisha, azokubitwa nkeya. Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabīkijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Isirayeli Inamusubiranyuma yiyerekanye kw ar’ umunyakuri kuruta Yuda Inamuryarukanyi.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


bati Data yapfiriye mu bugaragwa, kandi ntiyari muri rya koraniro ry’abīfatanije na Kora kugarariza Uhoraho, ariko yapfiriye mu vyaha vyiwe ubgiwe gusa; kandi nta bahungu yasize.


Arabishura, ati Mube ari mwebge mubagaburira. Baramubaza, bati Tugende tugure imitsima y’idenariyo amajana abiri, tuyibahe ga barye?


Yesu aramubgira, ati Simoni, mfise ico ngomba kukubgira. Aramwishura, ati Mbarira, Mwigisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite