Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugira muti Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga muti: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’

Gade chapit la Kopi




Luka 7:34
13 Referans Kwoze  

Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe barīdodomba, bat’ Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.


Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yar’ umwe wo mu bicaranye na we basangira.


Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!


Yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo kw isabato kurya, baramugenza.


Maz’ umwe mu Bafarisayo aramuhamagara ngw amuzimane. Yinjira mu nzu y’uwo Mufarisayo, aricara ngw arye.


Lewi amurondereza izimano ryinshi mu nzu yiwe: kandi hār’ abantu benshi b’abatozakori n’abandi bicaranye na bo basangira.


Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe, bati N’iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abanyavyaha?


Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe.


Akibivuga, Umufarisayo aramuhamagara ngw amuzimane: arinjira, aricara ngw arye.


Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’ abatozakori bo si ko bagira?


Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.


Yohana Umubatizi yaje atarya umutsima, atanywa vino, mugira mut’ Ahagazweko na dayimoni.


Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’abana babgo bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite