Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Mur’ ako kanya akiza benshi indwara n’ivyago n’impwemu mbi; n’impumyi nyinshi arazihumūra.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ako kanya nyene Yesu aca akiza abantu benshi bari bafise ingwara n’ubumuga butandukanye, ababoshwe n’impwemu mbi, ahumura n’impumyi nyinshi.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:21
12 Referans Kwoze  

Kuko yakijije benshi, ni co catumye abāri bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko.


Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we akāngīra, Kand’ aramagura uwo yemera wese kw ar’ umwana wiwe.


Yesu aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.


Uwo mwanya isōko y’amaraso irakama, amenya mu mubiri wiwe yukw akize ico cago.


Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Inzara ni yatera mu gihugu, cank’ ikīza, canke kurumbisha, cank’ ururyi rw’agahezambuto, cank’ inzige, cank’ inzikira, cank’ abansi babo ni babatera bakabaziguza mu gisagara cabo ic’ ari co cose; ni haramuka hateye icago ic’ ari co cose, cank’ indwara,


Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


Abo bagabo bamushikiriye, baramubgira, bati Yohana Umubatizi yakudutumyeko, ngo Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Na ho umuherezi ni yinjira, akayisuzuma, agasanga iyo ndwara itunguruje ku nzu, imaze guhomwa; uwo muherezi avuge kw ihumanutse, kukw iyo ndwara ikize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite