Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?”

Gade chapit la Kopi




Luka 7:19
38 Referans Kwoze  

Nya mugore aramubgira, ati Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo ah’ azozira ni we azoduserurira vyose.


Mu nyuma y’ivyo, Umwami Yesu atoranya abandi mirongwirindwi, atuma babiri‐babiri, ngo bagende imbere yiwe mu bisagara vyose n’ahantu hose ah’ agira ace.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


kandi nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ ivy’ igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Bakir’ i Shitimu, Yosuwa mwene Nuni atuma abantu babiri mu mpisho, ngo baje gutata; arababarira, ati Ni mugende mwitegereze ico gihugu, cane‐cane i Yeriko. Nuko baragenda, bashika mu nzu ya maraya yitwa Rahabu, bahāka indaro.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


Ahamagara bamwe cumi na babiri, atangura kubatuma babiri-babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Abo bagabo bamushikiriye, baramubgira, bati Yohana Umubatizi yakudutumyeko, ngo Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Maz’ ar’ ahantu, asenga; ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubgira, ati Mugenzi, twigishe gusenga, nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.


Umwami Yesu aramubgira, at’ Erega mwebge Abafarisayo mwoza inyuma y’igikombe n’inkōko, arikw imbere muri mwebge mwuzuye ubgambuzi n’ububi.


Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?


Umwami Yesu aramwishura, ati Mwa ndyarya mwe, mbeg’ umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’ indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato, akayijana, akayishōra?


Kandi za ntumwa zibgira Umwami Yesu, ziti N’utwongere ukwizera.


Umwami arabishura, ati Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira.


Kand’ Umwami Yesu aravuga, ati Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero. Petero yibuka rya jambo ry’Umwami, ingene yamubgiye, at’ Uyu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu.


kandi bavuga, bati N’ukuri Umwami Yesu yāzutse, kandi yabonywe na Simoni.


Umwami Yesu amenye kw Abafarisayo bumvise yukw aronka abigishwa benshi, kand’ abatiza benshi, arusha Yohana,


(mugabo hār’ amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu bārīriye imitsima ihezagiwe n’Umwami Yesu).


Uwo Mariya ni we yasīze Umwami Yesu amavuta atāmirana ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uyo Lazaro yar’ arwaye ni we musaza we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite