Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ashitse hafi y’irembo ry’igisagara, hasokoroka abajanye umuvyimba kuwuhamba, ariko yar’ ikinege, kandi nyina yar’ umupfakazi: abantu benshi bo mur’ ico gisagara bari kumwe na we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ageze hafi y’irembo ry’igisagara, haza abantu bagiye guhamba umuntu. Yari umuhungu w’ikinege kandi nyina yari umupfakazi. Hariho kandi n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara bari bamuherekeje.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:12
20 Referans Kwoze  

kuko yar’ afise umukobga w’ikinege, yar’ amaze imyaka nka cumi n’ibiri avutse, kandi yarikw arahwera. Arikw aragenda, ishengero riramubānda.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.


Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.


Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.


Asanga bamuririra bose, bīshishitira. Arababarira, ati Nta co murira, ntahwereye, arikw arasinziriye.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Umugorwa yarampezagira, Kandi nanezereza umutima w’umupfakazi.


Nukw aramujana amushikiriza nyina; nyina amushira ku bibero; hageze mu mashōka aracīkāna.


Elisa aramubarira, at’ Umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, uzoba ukikiye umwana w’umuhungu. Na we aramwishura, ati Sigaho nyabuna, muntu w’Imana, reka kumpenda jewe umusavyi wawe.


Maze Eliya yābīra uwo mwana, aramwururukana amukūye mur’ ico cumba co hejuru, aramwinjirana amuha nyina; Eliya aramubarira, at’ Eh’ umwana wawe ni muzima.


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw’ Uhoraho Imana yawe, nta co mfise co kurya, atar’ agafu ku rushi gasigaye mu gaseke, n’uturāngūzwa tw’amavuta ya elayo mu gakarabo; mber’ ubu ngira ntoragure udukwi tubiri, kugira ngo ngende i muhira ndakīcumbire, twe n’umwana wanje, tukarye, duheze duhwere.


riti Va hasi, uje i Zarefati mu ntāra y’Abasidoni, abe ari ho uba; rāba ngeze umugore w’ umupfakazi waho kuzokwama akugaburira.


Non’ abaryango bose bankūriye hasi, jewe incoreke yawe, ngo ni ntange uwishe mugenzi we, kugira ngo bamuhōre uwo yishe; bakagomba kwica n’uwotoye umwandu; uko ni ko bagira bazimye agakara nari nsigaranye, ngo ntibasigarize umugabo wanje izina cank’ imbuto kw isi.


Aramubarira, ati Ntukoze ukuboko kur’ uwo muhungu, ntugire ico umugira: kuko noneho mmenye ko wubaha Imana, kuk’ utanyimye umwana wawe, kand’ ar’ ikinege.


Iramubgira, it’ Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, uje mu gihugu c’i Moriya; umutangireyo kw ikimazi co kwoswa, ku musozi nzokubarira.


Hashize igihe gitoya, aja mu gisagara citwa Nayini: abigishwa biwe n’ishengero ryinshi bajana na we.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite