Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo baramugenza ngo barābe kw akiza kw isabato, ngo baronke ingene bomurega.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:7
14 Referans Kwoze  

Baramugenza, batuma abo kumudaha bīgira intungane, ngo bakūre urwitwazo mu vyo avuga, bamushīre segaba nyen’ ububasha, ari we cēgēra ca Kayisari.


Arik’ umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’ uko Yesu akijije umuntu kw isabato, abgira abantu, ati Harih’ imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato.


baramugenza ngo barābe kw amukiza kw isabato, ngo bamurege.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra.


ni bo bacumuza umuntu mw ijambo, bagatega umutego ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazibiranya umugororotsi n’amagambo y’ubusa.


Kand’ abahama ubugingo bganje bantega imitego; Abandonderera ivyago bavuga ivyo kunyigamba, Biyumvira ivy’ ubugunge umusi ukīra.


ariko jeho ndababgire: Ntimurwanye umunyakibi: ūgukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite