Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Woshobora ute kubgira mugenzawe, uti Zana mugenzi ngutosore akabango kari mu jisho ryawe; nawe ubgawe nturābe inkingi iri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Mugenzi, tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:42
24 Referans Kwoze  

Kuk’ ūtagira ivyo ar’ impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w’ivyaha vyiwe vya kera.


Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.


Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo,


Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora.


ati Wewe wuzuye ubugunge bgose n’ububi bgose, wa mwana w’Umurwanizi we, wa mwansi w’ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z’Umwami Imana zigororotse?


Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.


Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.


Umwami Yesu aramwishura, ati Mwa ndyarya mwe, mbeg’ umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’ indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato, akayijana, akayishōra?


Petero yibuka ijambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu. Arenga irembo, araturika ararira.


Ūbanza kwitwara, umengo ni we afise urubanza, Arik’ uwo babūrana yaza akamwararaza.


Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’ inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze?


Wobgira ute mugenzawe, uti Zana ngutosore akabango kari mu jisho ryawe, nawe ufise inkingi mu jisho ryawe?


Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, inkingi iri mu jisho ryawe ntuyītegereze?


Kukw ata giti ciza cama ibibi, kandi nta giti kibi cama ivyiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite