Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bamwe mu Bafarisayo barababaza, bati N’iki gitumye mukora ikizira gukorwa kw isabato?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Bamwe mu Bafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki mukora ikizira ku musi w’Isabato?”

Gade chapit la Kopi




Luka 6:2
14 Referans Kwoze  

Abafarisayo babibonye, baramubgira, bati Mbeg’ abigishwa bawe ko bakora ikizira gukorwa kw isabato!


Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw isabato.


Abafarisayo baramubaza, bati N’iki gitumye bakora ikizira gukorwa kw isabato?


Na bo baramubgira, bat’ Abigishwa ba Yohana barisonzesha kenshi bagasenga, n’ab’ Abafarisayo n’uko, arikw abawe barīrīra, barīnywera.


Ni wakūra ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, arik’ ukita isabato umusi w’umunezero, mber’ umusi wanje wera ukawita uw’ icubahiro, ukawubaha, ntukore ivyo ugomba ubgawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa,


mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi uz’ ubabere uwera, ube isabato yo kuruhūka bihebuje yerejwe Uhoraho; ūzogira igikorwa na kimwe awukorako, aze yicwe.


Mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’isabato yo kuruhūka bihebuje, yerejwe jewe Uhoraho: ūzogira igikorwa na kimwe akora kur’ uwo musi w’isabato, ntaz’ abure kwicwa.


Umuntu ni yabītsa mugenzi we indogoba cank’ inka cank’ intama cank’ ikindi gitungwa cose, kigapfa canke kikavunika canke kikanyagwa, ata muntu abibona;


bati N’iki gitumye abigishwa bawe barenga imigenzo twabgirijwe n’aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite