Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamw’ icumi na babiri, abita intumwa;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bukeye, akoranya abigishwa biwe bose, atoranyamwo cumi na babiri, abagira intumwa. Na bo ni aba:

Gade chapit la Kopi




Luka 6:13
20 Referans Kwoze  

Urugo ruziguje uwo murwa rufise amatanguriro cumi n’abiri, yanditswekw amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi.


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


Nuko za ntumwa zikoranira aho Yesu ari, zimudondera ivyo zakoze vyose n’ivyo zigishije.


Ahamagara bamwe cumi na babiri, atangura kubatuma babiri-babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye.


Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye igitsibo c’inyenyeri cumi na zibiri:


kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.


Ni co catumye Imana ivugisha ubgenge bgayo, iti Nzobatumakw abo mvugisha n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama,


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Amazina y’izo ntumwa cumi na zibiri n’aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, na mwene nyina Andereya, na Yakobo mwene Zebedayo na mwene nyina Yohana,


Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo,


Abigishwa barabazanya, bati Mbega har’ uwamuzaniye ivyo kurya?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite