Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?”

Gade chapit la Kopi




Luka 6:11
16 Referans Kwoze  

Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.


Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,


No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.


Bavyumvise baribga mu mitima, bamuhekenyera imisaya.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Barabataramura, maze baja inama,


Nukw abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe, barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi.


Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.


Abo mw isinagogi bose bumvise ivyo barashungumirwa,


Maz’ abaherezi bakuru n’Abafarisayo bumvise iyo migani yiwe, bamenya kw ari bo avuga.


Bībūranya bati Ntitwatekeye imitsima.


Abēraguzamw’ amaso bose, aramubarira, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arabigira, ukuboko kwiwe kurakira.


Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.


Mugabo ntibazoshobora kurengaho: kuk’ ubusazi bgabo buzogaragarira abantu bose, nk’uk’ ubga ba bandi bgagaragaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite