Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”

Gade chapit la Kopi




Luka 5:8
19 Referans Kwoze  

Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Maze Manowa abarira umugore wiwe, ati Nta kabuza turapfuye, kuko tubonye Imana!


Babgira Mose, bati Ba ari wewe utubarira, ni ho twovyumva: arikw Imana yoye kuba ari yo itwibaririra, ntiduhave dupfa.


ati Rāba ndi nta kimazi: nokwishura iki? Nifashe ku munwa.


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


Abigishwa bavyumvise, bubama hasi baratinya cane.


Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.


Umugabisha aramwishura, ati Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.


Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Uwo musi Dawidi aca aterwa ubgoba n’Uhoraho; aravuga, ati Mbeg’ isandugu y’Uhoraho vyoshoboka bite kw iza i wanje?


Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.


Bākura abagenzi babo bāri mu bundi bgato, ngo baze babafashe: baraza, buzuza amato yompi, agomba kudobera.


Kukw atangaye, n’abāri kumwe na we bose, babonye ifi barovye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite