16 Ariko we yigunga mu bugaragwa, asenga.
16 Ariko Yesu yama aja ahantu hiherereye mu bugaragwa gusenga.
Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.
Ahejeje gusezera ishengero, adūga umusozi gusenga yiherereye. Bgagorovye ariyo ari wenyene gusa.
Ahejeje gusezerana na bo avayo, adūga umusozi gusenga.
Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.
Nukw abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, arikw arasenga, ijuru rirakinguruka,
Hanyuma y’ayo majambo, hashize imisi nka munani, ajana Petero na Yohana na Yakobo, adūga igisozi, aja gusenga.
Arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana.