Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Na Yakobo na Yohana bene Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abgira Simoni, ati Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Bagenziwe, ari bo Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bakorana na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.”

Gade chapit la Kopi




Luka 5:10
14 Referans Kwoze  

Kand’ ubgami bgo mw ijuru busa n’urusenga runiniya rwaterewe mu kiyaga, rukoranya ifi z’amoko yose.


Arababgira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.


Yesu arababarira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.


Bākura abagenzi babo bāri mu bundi bgato, ngo baze babafashe: baraza, buzuza amato yompi, agomba kudobera.


Ivya Tito, ni we dufatanije igikorwa, kandi ni mugenzanje dukorana ivyanyu; kand’ ivya bene Data abo, n’intumwa z’amashengero, kandi n’icubahiro ca Kristo.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo,


Buno nyina wa bene Zebedayo aza kuri we, ari kumwe n’abahungu biwe, aramupfukamira, amusaba ijambo.


Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya.


Yīgiye imbere yaho, abona abavukana bandi babiri, Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana, bari kumwe na se Zebedayo mu bgato, bariko barasana insenga zabo, arabahamagara.


Kukw atangaye, n’abāri kumwe na we bose, babonye ifi barovye.


Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.


bashire ibirāre, bave mu mutego wa wa Murwanizi yabafashe ngo bakore ivy’ agomba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite