Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera!’”

Gade chapit la Kopi




Luka 4:8
14 Referans Kwoze  

Muze mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, izina ryiwe abe ari ryo murahira.


Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.


Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So, abavugishwa n’Imana, n’uw’ abitondera amajambo y’iki gitabo. Imana ba ari yo usenga.


Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.


Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa.


Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi.


Ahindukirira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ ikintsitaza, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’ abantu.


Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Nuko Hezekiya asengera imbere y’Uhoraho, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’ Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.


nuko ni wampfukamira, ukansenga, ubgo bgose buraba ubgawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite