Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Maz’ arababgira, ati Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana no mu bindi bisagara, kukw ari co natumwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Ariko arababwira ati: “Ntegerezwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara na vyo, kuko ari co canzanye.”

Gade chapit la Kopi




Luka 4:43
12 Referans Kwoze  

uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.


Twebge dukwiye gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona; buhava bgira, ata wugishobora gukora.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.


Ni mwīgire hafi mwumve ibi: uhereye mw itanguriro nta ho navugiye mu mpisho; uhereye aho vyabereyeho, nariho: kandi non’ Uhoraho Imana antumanye na Mpwemu wiwe.


Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Mw ijoro rishīra ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga, asengerayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite