Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Kandi n’abadayimoni bava muri benshi, basemerera, bat’ Ur’ Umwana w’Imana. Arabazibiza, ntiyabakundira ko bavuga, kuko bāri bazi yukw ari Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:41
14 Referans Kwoze  

Akiza benshi bāri barwaye indwara zitari zimwe, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bāri bamuzi.


Wemera yukw Imana ar’ imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.


Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.


Impwemu zihumanye na zo uko zimubonye zamwikubita imbere, zigasemerera zit’ Ur’ Umwana w’Imana.


Umugeragezi aza kuri we, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira aya mabuye acike imitsima.


Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?


Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo.


Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.


Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose,


Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n’abinjiwemwo n’abadayimoni.


Amuhagarara i ruhande, akankamira umururumbo, urazima; avyuka uwo mwanya, arabazimana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite