Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Kandi ku kirengazuba, abari bafise abarwaye bose barwaye indwara zitari zimwe barabamuzanira. Abarambikakw ibiganza umwe‐umwe, arabakiza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Izuba ririko rirarenga, bamuzanira abantu bose bafise ingwara zitandukanye, arambika ibiganza kuri umwumwe wese, arabakiza.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:40
12 Referans Kwoze  

aramwinginga cane, at’ Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho.


vyatuma bashīra abarwaye ibitambara n’ivyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakira indwara zabo, impwemu zihumanye zikabavamwo.


bituma banaterurira abarwaye ku nzira, babashira mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho coba igitūtu ciwe gishike kuri bamwe.


Kuko yakijije benshi, ni co catumye abāri bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko.


Yesu avyumvise, arahava, agenda mu bgato, aja ahantu h’agahinga kwiherērayo. Ishengero rivyumvise, riva mu bisagara, rimukurikira rijanye inkōkoro.


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Maze ntiyashobora gukoreray’ igitangaza na kimwe, atar’ abarwaye bake yarambitsekw ibiganza, akabakiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite