Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa.’”

Gade chapit la Kopi




Luka 4:4
13 Referans Kwoze  

Nuko yabacishije bugufi, yemera ko musonza, araheza abagaburira manu mutāri muzi, na ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abamenyeshe yuk’ umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.


Aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.


Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana:


Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki?


Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge.


kuko vyanditswe, ngw Azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame:


Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.


Kand’ arababaza, ati Hamwe nabatuma mudafise umupfuko w’amahera cank’ isaho cank’ inkweto, har’ ico mwabuze? Baramwishura, bati Nta co twabuze.


Siga abana bawe b’ impfuvyi, nzobazigama mbabesheho; abapfakazi bawe ni banyizigire.


Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.


Umurwanizi aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira iri buye ricike umutsima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite