Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Arababgira, ati Ntimuzobura kuncirak’ uyu mugani, muti Muvūzi, wivūre. Ivyo twumvise vyose ko wakoreye i Kaperinawumu, ubikorere n’ino mu ntāra y’i wanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Yesu arababwira ati: “Ndazi ko mutazobura kuncira uwu mugani muti: ‘Muvuzi, niwivure!’ Kandi muzombwira muti: ‘Korera muri iki gisagara uvukamwo ibitangaza nk’ivyo twumvise wakoreye i Kaperinawumu!’ ”

Gade chapit la Kopi




Luka 4:23
20 Referans Kwoze  

Avayo, aja mu ntāra y’i wabo, abigishwa biwe baramukurikira.


Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali,


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


Maz’ uno mugore asiga umubindi wiwe hano, asubira mu gisagara, abgira abantu,


Woshobora ute kubgira mugenzawe, uti Zana mugenzi ngutosore akabango kari mu jisho ryawe; nawe ubgawe nturābe inkingi iri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.


Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.


Aja mu ntāra y’i wabo, yigishiriza mw isinagogi yabo, bituma batangara, bat’ Ubu bgenge n’ivyo bitangaza mbeg’ uyu yabikūye hehe?


Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Banonosoye vyose nk’ukw ivyagezwe n’Umwami Imana bivuga, basubira i Galilaya mu gisagara cabo i Nazareti.


Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira. Nyina abīka ayo majambo yose mu mutima wiwe.


Aramanuka aja i Kaperinawumu, igisagara c’i Galilaya: kand’ arikw arabigisha kw isabato,


Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo. Dayimoni amutūye hasi hagati yabo, amuvamwo, atagize ico amugira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite