Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”

Gade chapit la Kopi




Luka 4:22
20 Referans Kwoze  

Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?


Uri n’ubgiza buruta ubg’ abana b’abantu; Igikundiro gisutswe mu minwa yawe: Ni co gitumye Imana iguha umugisha w’ibihe bidashira.


Uw’ ubgenge mu mutima azokwitwa umukerebutsi, Kandi n’iminwa ivuga ibiryoshe yungura ubgenge.


ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga.


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Umwami Uhoraho ampaye ururimi rw’abigishwa, kugira ngo mmenye uko nosindagirisha ūrushe amajambo; ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza.


Akanwa kiwe kavamw’ amajambo aryoshe: mbere wese n’uw’ igikundiro. Uwo ni we mukunzi wanje, ni we mugenzi wanje, Yemwe bakobga b’i Yerusalemu.


Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye Ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.


Iminwa y’umugororotsi izi ibishimwa, Arikw akanwa k’abanyakibi kavuga ibidadi.


Ugendane icubahiro, ugendera kw ifarasi, utsinde, Urwanire ukuri n’ubugwaneza no kugororoka. Ukuboko kwawe kw’i buryo kukwigishe ibitera ubgoba.


Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’ abishura.


Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.


Bamubonye baratangara, nyina aramubaza, ati Mwananje, n’iki catumye utugirira urtyo? Urabona twe na so aho twakurondereye tubabaye.


Atangura kubabgira, at’ Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye.


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite