Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ageragezwa n’Umurwanizi. Kandi mur’ iyo misi nta co yariye; ishize arasonza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Satani. Amara iyo misi ata co arya, maze iheze, yumva arashonje.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:2
16 Referans Kwoze  

Nukw aravyuka, ararya, aranywa; izo ndya azigendera imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ashika i Horebu ku musozi w’Imana.


Amara imisi mirongwine n’amajoro mirongwine ari kumwe n’Uhoraho aho hantu, ata co kurya atamira, ata n’amazi anywa. Uhoraho yandika kuri vya bisate amajambo y’isezerano, ni yo vya vyagezwe, ukw ar’ icumi.


Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.


Kuk’ ubgiwe ko yababajwe no kugeragezwa, ashobora no gutabara abageragezwa.


Nari nadūganywe uwo musozi no guhabga vya bisate vy’amabuye, ari vyo vyarikw isezerano Uhoraho yasezeranye namwe, nca mmara kur’ uwo musozi imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa.


kand’ aho hār’ iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n’urugendo apfa kwicara kw iriba, hāri nk’isaha zitandatu.


Nikubita hasi imbere y’Uhoraho nk’ubga mbere, mmara imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa, mbitewe n’ico caha gikomeye mwakoze, co gukora ico Uhoraho abona kw ari kibi, mukamuratsa.


Kare mu gatondo arikw arasubira mu gisagara, yumva arashonje.


Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje, abona gusonza.


Agera ko bamamaza i Ninewe icagezwe ciwe n’ic’ abaganwa biwe, ngo Ntihagire umuntu agira ico atamira, n’ibitunzwe n’uko, vy’amasho n’imikuku, ntihagire ico birya cank’ amazi binywa;


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Nuk’ uwo Mufilisitiya, uko bukeye uko bgije, akāma aseruka ahibonekeza, abasomboroza, kumara imisi mirongwine.


Nuko mmara iyo misi ukw ari mirongwine n’amajoro mirongwine nubamye imbere y’Uhoraho, kuk’ Uhoraho yar’ avuze kw azobarandura.


Nuko Mose adwēbēra hagati mur’ ico gipfungu, adūga kur’ uwo musozi; awumarakw imisi mirongwine n’amajoro mirongwine.


Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Umurwanizi aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira iri buye ricike umutsima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite