Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:16
14 Referans Kwoze  

Nuko Paulo, nk’uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe,


Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.


Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira. Nyina abīka ayo majambo yose mu mutima wiwe.


Nukw amaze imyaka cumi n’ibiri avutse, baradūga, nk’uk’ umugenzo w’iyo misi mikuru war’ uri.


Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


Atangura kubabgira, at’ Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye.


Banonosoye vyose nk’ukw ivyagezwe n’Umwami Imana bivuga, basubira i Galilaya mu gisagara cabo i Nazareti.


Yigishiriza mu masinagogi yabo, bose baramushima.


Bamuha igitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe,


Arababgira, ati Ntimuzobura kuncirak’ uyu mugani, muti Muvūzi, wivūre. Ivyo twumvise vyose ko wakoreye i Kaperinawumu, ubikorere n’ino mu ntāra y’i wanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite