15 Yigishiriza mu masinagogi yabo, bose baramushima.
15 Yama yigisha mu masinagogi kandi agashimwa n’abantu bose.
Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.
Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.
Ku musi w’isabato yigishiriza mur’ imwe mu masinagogi.
Maz’ avaho, atangura kwandagaza no gukwiza ivyabaye; ni co catumye Yesu atābaye agishobora kuja mu gisagara abandi babizi, arikw aguma inyuma yaco mu gahinga: abava hose baza kuri we.
Yinjira mu masinagogi yabo i Galilaya hose, avuga ijambo ry’Imana, asenda abadayimoni.
Bose baratangara, bituma babazanya, bat’ Iki n’iki? N’ukwigisha gusha! N’ububasha agera n’impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira.
Aja mu ntāra y’i wabo, yigishiriza mw isinagogi yabo, bituma batangara, bat’ Ubu bgenge n’ivyo bitangaza mbeg’ uyu yabikūye hehe?
Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara zose n’ubumuga bgose.
Rāba, uzohamagara ihanga utazi, kandi n’iryari ritakuzi rizokwirukirako, kubg’ Uhoraho Imana yawe, no kubg’ Uwera w’Abisirayeli, kukw azoba aguhaye icubahiro.
Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.