10 kuko vyanditswe, ngw Azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame:
10 kuko handitswe ngo: ‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame.
Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?
Umurwanizi aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira iri buye ricike umutsima.
Kand’ ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yīgira umumarayika w’umuco.
Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.
kandi ngo Bazokuramira mu maboko yabo, Ngo kumbure ntutsitare kw ibuye.