Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rero, igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mbere incabiti ibanguriwe imizi y’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.”

Gade chapit la Kopi




Luka 3:9
14 Referans Kwoze  

Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.


Umuntu n’ataguma muri jewe atabga nk’ukw’ ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma; maze bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha.


hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza; ariko n’utama, uzowuca.


Abgira umukozi w’uruzabibu, ati Rāba, none n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’ uyu musukoni, sinzibone; uwuce: ugasarira iki aha hantu?


Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rer’ igiti cose kitāma ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.


kukw Imana yacu ar’ umuriro utōngōra.


Kandi mwami, nk’uko wabonye umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru, ati Ni wīcire ico giti ugicagagure, arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’ imiringa, gisigare mu vyatsi bitoto vyo ku musozi, kize gitondweko n’urume ruva mu kirēre, kirishanye n’ibikōko vyo mw ishamba, gushitsa ibihe ndwi bigikūranirwako:


asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco.


Mu biti vyo muri Edeni n’ ikihe munganya kugira icubahiro no kuba agahambaye? Yamar’ uzomanukanwa hamwe n’ibiti vyo muri Edeni ushike i kuzimu: uzoryama hagati mu batākebge, hamwe n’abāriritswe n’inkota. Uwo ni we Farawo n’ishengero ryiwe ryose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ūkēngereye ivyagezwe vya Mose, ivyabona bibiri canke bitatu biramwicisha, ata kagongwe.


Kand’ abacira uyu mugani, ati Hābaye umuntu yar’ afise umusukoni watewe mu ruzabibu rwiwe, araza awuronderakw insukoni arazibura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite