Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maz’ abafise umubiri bose bazobona agakiza k’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Kandi abantu bose bazobona agakiza k’Imana.’”

Gade chapit la Kopi




Luka 3:6
9 Referans Kwoze  

Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buzohishurwa, kand’ abafise umubiri bose bazobubonera rimwe, kukw akanwa k’Uhoraho ari ko kabivuze.


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Ariko ndabaza: Mbega ntibumvise? Ego, bārumvise. Ijwi ryavyo ryumvikanye mw isi yose, Bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi.


Nta tandukaniro ry’Umuyuda n’Umugiriki: kuk’ Umwami umwe ar’ Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose;


Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite