Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Mpwemu Yera aramanuka amugwako, afise ishusho y’umubiri usa n’inuma; ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”

Gade chapit la Kopi




Luka 3:22
21 Referans Kwoze  

Ndavuga rya jambo rishinzwe: Uhoraho yarambgiye, at’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye.


Kandi Yohana ashinga intahe, ati Nabonye Mpwemu amanuka ava mw ijuru asa n’inuma, aguma kuri we;


Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.


Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.


Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro,


ngo Nguyu umushumba wanje natoranije, Nkunda, ahimbara umutima wanje; Nzoshira Mpwemu wanje kuri we, Azomenyesha abanyamahanga amateka azocibga.


yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda.


Atangura kubabgira, at’ Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye.


Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye: kuko yīgira ngo Nd’ Umwana w’Imana.


Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we.


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako.


Mur’ iyo misi Yesu ava i Nazareti i Galilaya, araza, abatizwa na Yohana muri Yorodani.


Ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.


Maz’ igicu kiraza kibatera igitūtu, ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, ni mumwumve.


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


Kandi Data yantumye ni we anshingira intahe. Nta ho murumva ijwi ryiwe, kandi ntimurabona ishusho yiwe,


Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite