Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma, kand’ ingero zanyu zibabumbe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Abasoda na bo nyene baramubaza bati: “Tweho dukore iki?” Arabishura ati: “Ntihakagire abo munyaga utwabo kandi ntihakagire uwo mudendereza. Mubumbwe n’impembo zanyu.”

Gade chapit la Kopi




Luka 3:14
15 Referans Kwoze  

Ntukāgirize ibinyoma mugenzawe.


Simbivuze kubg’ ubukene, kuko nize kubumbga n’ivyo mfise uko ndi kose.


Ntimuze mwibe, ntimuze mugunge, canke ngo mubeshane.


Ntimuze mwāmāmaze inkuru z’ibinyoma; ntihaze hagire uwifatanya n’ikigāba kuba icabona c’ibinyoma.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Mw ijuru numva ijwi rirenga, riti Noneh’ agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo: kuk’ Umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu.


N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza,


kugira ngo ntimugire umugayo cank’ akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’ iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk’amatara mw isi,


Umumarayika yavuganye na we amaze kugenda, ahamagara babiri bo mu basuku biwe, n’umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira:


Ashitse i Kaperinawumu, haza umugabisha w’abasoda ijana, aramwinginga,


Ishengero riramubaza, riti None tugire dute?


Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite