13 Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe.
13 Arabishura ati: “Ntimugatoze ibirengeye ivyemewe n’amategeko.”
cank’ ibisuma, cank’ abifuza, cank’ imborerwa, cank’ abatukana, cank’ abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana.
Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.
Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.
Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?
Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.
Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,
Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.
Kandi nabana na yo ntungana, Nirinze ukugabitanya kwanje.
Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute?
N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma, kand’ ingero zanyu zibabumbe.