Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mu mwaka ugira cumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma i Roma, Pontiyo Pilato yari icariho ciwe i Yudaya, Herode Antipa yari umuganwa atwara intara ya Galilaya, uwo bavukana Filipo yatwara intara za Ituraya na Tirakoniti, Lusaniya na we yatwara intara ya Abilene,

Gade chapit la Kopi




Luka 3:1
19 Referans Kwoze  

Mur’ iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngw abo mw isi bose bandikwe.


Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icēgēra ca Kayisari.


Umwami ahagurukana n’icēgēra ca Kayisari na Berenike, n’abāri bicaranye na we;


Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akūra Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Paulo akiboshwe.


ati Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganūtsa wewe Feliki umwubahwa, icēgēra ca Kayisari.


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


Nuko Pilato aca urubanza nk’uko bamusavye.


Maz’ umwami Herode, yumvise ivyābaye vyose, arazazanirwa, kuko bamwe bāvuga, bati Yohana yazutse mu bapfuye;


maz’ ahishutse umwami Herode ku vya Herodiya muka mwene se, no ku vy’ ibindi bibi vyose Herode yakoze,


Kuko Herode ubgiwe ari we yari yatumye ngo bafate Yohana, aramuboha, amushira mw ibohero, kubga Herodiya muka Filipo mwene se, kuko Herode yamucikije.


Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se.


Mur’ ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.


non’ utubgire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?


Maz’ umusi uragera, uburyo buraboneka: war’ umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode; atumira abaganwa biwe, n’abakuru b’abagabisha b’abasoda, n’abapfasoni b’i Galilaya, ngo baze abatereke.


Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira, bati Va hano ugende, kuko Herode agomba kukwica.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite