Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 24:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ntari hano, ariko yāzutse. Mwibuke uko yababgiye, akir’ i Galilaya,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ntari hano, yazutse. Nimwibuke ivyo yababwiye akiri kumwe namwe i Galilaya,

Gade chapit la Kopi




Luka 24:6
19 Referans Kwoze  

at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Atangura kubigisha, at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka.


ntari hano, kuko yazutse, nk’uko yavuze. Ngo murābe ah’ Umwami yar’ aryamye.


ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu.


baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.


Arababgira, ati Nta co mwumirwa: ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambga: none yazutse, ntari hano: ehe, rāba aho bāri bamushize!


Bagitinye, bunamitse amaso hasi, barababaza, bati N’iki gitumye muronderera ūriho, ahantu h’abāpfūye?


kandi bavuga, bati N’ukuri Umwami Yesu yāzutse, kandi yabonywe na Simoni.


Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.


Ntimwibuka yuko nababgiye ivyo nkiri kumwe namwe?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite