Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 24:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”

Gade chapit la Kopi




Luka 24:44
88 Referans Kwoze  

Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


yukw Imana yabishikije kuri twebge abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ng’ Ur’ Ubura bganje, uyu musi ndakuvyaye.


at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhīngūra abēgēra igicaniro, bibahīngūrisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka.


Iyo mwizera Mose, nanje muba munyizeye, kukw ar’ ivyanje yanditse.


umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’ azokwubaka urusengero rw’Uhoraho.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.


Rāba, umushumba wanje azoja imbere, azokuzwa ashirwe hejuru, asumbe abandi.


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Mpwemu Yera amenyekanisha artyo yukw inzira ija ahēra cane itaribgerekanwe, ihema rya mbere rikiriho:


Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,


Kur’ uwo musi azohagarika ibirenge ku musozi Elayono werekeye i Yerusalemu ahahera i burasirazuba; uwo musozi Elayono uzotemukamwo kubiri uhereye aherekeye i burasirazuba ugashitsa aherekeye i burengerazuba; uzocikamw’ uruhomoka runini cane; igihimba c’uwo musozi kizokwikumira i burārūko, ikindi cikumire i bumanuko.


Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nanje nzoca agatwetwe ko hejuru ku giti c’isederi, ndagatere; mbere nkinusekw agatwetwe koroshe ko mu bushorishori, ngatere ku mpinga y’umusozi muremure ahibonekeza:


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


bakize uwo mukoracumu, bamukūre mu maboko y’ūmuhōra uwo yishe, bamusubize mu gisagara c’ubuhungiro aho yari yahungiye; az’ abe ari ho aba gushitsa ah’ umuherezi mukuru, yasutswekw amavuta yejejwe yo kumurobanura, azopfira.


Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Cura inzoka isa n’izo, uyimanike ku giti c’intumba, maz’ uwakomowe wese ni yayirāba, arakira.


Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Kand’ uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni k’Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa,


Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu,


Eh’ imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzoshitsa rya jambo ryiza navuze ku nzu ya Isirayeli no ku nzu ya Yuda.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Kandi Melekisedeki umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana Isumba vyose, azana imitsima na vino.


Melekisedeki uyo, umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana isumba vyose, ni we yasanganiye Aburahamu, aramuhezagira, hamwe Aburahamu yatabaruka, avuye kunesha abami,


Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk’umushumba, kugira ngw abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma.


Uwo Mose ni we yabgiye Abisirayeli, at’ Imana izobahagurukiriza ūvugishwa na yo mu b’i wanyu, ameze nkanje.


Ndababgire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharūranywe n’abanyabicumuro. Kukw ivyanje bigira bishike.


Kukw iyo misi izoba iyo guhōra, kugira ngw ivyanditswe vyose bishike.


ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu.


Arikw ivyo vyose bibaye, kugira ngw ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana bishike. Bun’ abigishwa bose baramuta, barahunga.


Non’ ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Arikw ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abāvugishwa na yo bose bitaribgabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije irtyo.


Kuko yigisha abigishwa biwe, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu, bazomwica, hashize imisi itatu bamwishe, azozuka.


Ivyo vyose vyabaye birtyo ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu kanwa k’uwavugishwa na we biboneke,


Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzotanga Uwera wawe ngw az’ abore.


Nuko mwiyubare, ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite