11 Ayo majambo ababera nk’umuyaga, ntibābemera.
11 Ariko intumwa ntizavyemera kuko ivyo abo bagore bavuga vyasa n’imigani kuri bo.
Na bo bumvise kw ari muzima, kandi ko yamwiboneye, ntibāvyemera.
Arababgira, ati Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abāvugishwa n’Imana bāvuze vyose!
Hamwe Uhoraho yagarukana ab’i Siyoni bāri bārambukanywe ar’ inyagano Twāri tumeze nk’abarota.
Naho notakamba, ikitaba, Sinokwizigira ko yokwumviriza ivyanje.
Nuko Loti arasohoka, abarira abakwe biwe basavye abakobga biwe, ati Vyuka, muve aha hantu, kuk’ Uhoraho agira arandure iki gisagara. Ariko ku bakwe biwe yar’ ameze nk’uwizāgira.
Arasohoka, aramukurikira, yamara ntiyamenya ivyo umumarayika akoze kw ar’ ivy’ ukuri, arikw agira ngw abonye ivyo yeretswe nko mu nzozi.
Arik’ umugabisha uwo mwami yagenda yegamiye yishura uwo muntu w’ Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? Aramwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.
Na bo nyene baragenda, babibgira abasigaye, maze ntibābemerera na bo.
Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka.
Akanyamuneza kakibabujije kuvyemera, bariko baratangara, arababaza, ati Har’ utwo kurya mufise hano?