Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Amenye yukw ar’ uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yar’ i Yerusalemu mur’ iyo misi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Yumvise ko Yesu atwarwa mu ntara ya Herode Antipa, aca aramumurungikira, kandi ico gihe Herode yari i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:7
9 Referans Kwoze  

Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,


Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira, bati Va hano ugende, kuko Herode agomba kukwica.


Mur’ ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu.


Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se.


Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.


Umwami Herode aravyumva, kukw izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga, ati Yohana Umubatizi yāzutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.


Maz’ umwami Herode, yumvise ivyābaye vyose, arazazanirwa, kuko bamwe bāvuga, bati Yohana yazutse mu bapfuye;


Pilato avyumvise, abaza yuk’ uwo muntu ar’ Umunyagalilaya.


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite