Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Aramwishura, ati Ndakubgire ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”

Gade chapit la Kopi




Luka 23:43
22 Referans Kwoze  

Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; Naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje. Sela.


Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.


Ndazazaniwe mur’ ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw ari co kirushirije cane:


ego me turinda mu mutima, kand’ ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.


Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.


Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite