Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”

Gade chapit la Kopi




Luka 23:41
19 Referans Kwoze  

None rero kw ivyo vyose bidushitseko, tukaba dutsinzwe n’ivyo twakoze vyinshi, tuzize ingeso zacu mbi, nawe Mana yacu ukaba utaduhannye igihano cari gikwiranye n’ibigabitanyo vyacu, kuk’ udushigarije amasigarira angana artya,


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


Maze Pilato abonye kw arushwa n’ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugūmūko, yābīra amazi akarabira imbere y’ishengero, ati Jeho ndacuna kubg’ amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Nsenga Uhoraho Imana yanje, ndātura, nti Bgirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirira imbabazi abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe:


Bahagarara aho bari, bamara igice ca kane c’umurango basoma igitabo c’ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yabo, ikindi gice ca kane nyene bakimara bātura ivyaha vyabo, basenga Uhoraho Imana yabo.


Maz’ abonye kw ashitse mu magorwa, yinginga Uhoraho Imana yiwe, yicisha bugufi ashika hasi imbere y’Imana ya ba sekuruza.


Arik’ uwa kabiri amwishura amuhana, ati No kwubaha Imana ntuyubaha, kand’ uciriwe urubanza rumwe n’urwiwe?


Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe.


Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo:


yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite