Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Pilato aca abarira abakuru b’abaherezi n’isinzi ry’abantu bari aho bose ati: “Uwu muntu simbona ikimwagira.”

Gade chapit la Kopi




Luka 23:4
13 Referans Kwoze  

Pilato aramubaza, ati Mbeg’ ukuri n’iki? Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja ah’ Abayuda bari, arababgira, ati Jewe nta gicumuro mbonye kuri we.


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


Ababaza ubugira gatatu, ati Ku ki? Uyu yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.


Pilato arababaza, ati Ku ki? Yakoze ikibi ki? Maze barushiriza kuyogora cane, bati Mubambe.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kand’ ubgiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, ngabira kumumurungikira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite