21 Ariko bo barayogora, bati Mubambe, mubambe.
21 Ariko bo barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe! Nabambwe!”
Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari.
Ariko barīhambīra bavuga n’amajwi arenga, bamusaba kw abambga, amajwi yabo aramunesha.
Bongera kuyogora, bati Mubambe.
Pilato yongera kubabgira, kukw agomba kurekura Yesu.
Ababaza ubugira gatatu, ati Ku ki? Uyu yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.
kandi naho bābuze inyanduruko yo kumwicisha, basaba Pilato kw amwica.