16 Nuko ndamukubita, ndamurekure. [
16 Ndamukubitisha gusa, hanyuma ndamurekure.” [
Maz’ abarekurira Baraba, ariko Yesu aramutonagura, amutanga ngw abambge.
Ababaza ubugira gatatu, ati Ku ki? Uyu yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.
Pilato agomvye kumara ishavu ishengero, abarekurira Baraba, maz’ atanga Yesu ngw abambge, amaze kumutonagura.
Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.
Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza.
Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga;
Kuko yar’ akwiye kubarekurira imbohe imwe mur’ iyo misi mikuru.]