13 Pilato akoranya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abantu,
13 Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, abatware n’abari aho bose,
Pilato aramubaza, ati Mbeg’ ukuri n’iki? Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja ah’ Abayuda bari, arababgira, ati Jewe nta gicumuro mbonye kuri we.
Pilato arababaza, ati Ku ki? Yakoze ikibi ki? Maze barushiriza kuyogora cane, bati Mubambe.
Maze Pilato asubira gusohoka, arababgira, at’ Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye kw ata gicumuro mbonye kuri we.
Abantu bahagarara barāba. Abashingantahe na bo bamutwengera mw ijigo, bati Yakijije abandi, ni yikize, namb’ ari Kristo w’Imana, uwatoranijwe na yo.
n’ivy’ ukw abaherezi bakuru n’abashingantahe bacu bāmutanze ngw acirwe urubanza rwo gupfa, bakamubamba.
Hār’ umuntu mu Bafarisayo, yitwa Nikodemo, yar’ umukuru wo mu Bayuda;
Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubgira. Mbega harya abakuru bemeye vy’ ukuri k’uyo ari we Kristo?
Har’ umukuru n’umwe yamwizeye, cank’ Umufarisayo?
Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,
Kandi none, bene Data, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n’ababaganza na bo n’uko.
Bukeye bg’aho, abashingantahe babo bo n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bakoranira i Yerusalemu,
Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira, ati Yemwe bashingantahe b’abantu n’abakuru,
Kukw ababa i Yerusalemu n’abakuru babo batāmumenye, cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana asomwa ukw isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bāvugishijwe, hamwe bāmutsindisha: