Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Herode aramutitura, hamwe n’abasoda biwe, aramushinyagurira, maz’ amwambika impuzu y’inyambarabami, amusubiza kwa Pilato.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Herode n’abasoda biwe baca batangura kumushinyagurira no kumucokora. Baca bamwambika impuzu y’ubwami, baramurungika asubira kwa Pilato.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:11
16 Referans Kwoze  

Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko.


Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c’amahwa na ya mpuzu y’inyambarabami. Pilato arababgira, at’ Ehe rāba uwo muntu!


Arabishura, ati Eliya abanza kuza koko, akaroranya vyose neza. Ariko vyanditswe bite ku Mwana w’umuntu yukw azobabazwa vyinshi, agatiturwa?


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.


Ariko jeho nd’umusiba, sind’ umuntu: Ndi ruvumwa mu bantu, nkēngērwa na bose.


Mur’ ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu.


Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se.


Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.


Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barahagarara, bakovya kumwagiriza cane.


Mw isinagogi yanyu ni hinjiramw’ umuntu yambaye impeta y’izahabu n’impuzu zishajije, hakinjira n’umworo yambaye impuzu mbi y’ubuhoma,


namwe mukitegereza uwambaye impuzu zishajije, mukamubarira, muti Ni wicare hano heza; kandi mukabarira nya mworo, muti Weho hagarara hariya, cank’ icara hambavu y’ibirenge vyanje;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite