57 Na we arabihakana, at’ Eka nyina wanje, sindanamuzi.
57 Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”
Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.
Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,
Maze Petero yongera kubihakana, ako kanya inkoko ica irabika.
Simoni Petero yar’ ahagaze yōta; nuko baramubaza, bati Mbega nawe uri mu bigishwa biwe? Na we arahakana, at’ Oya, sindimwo.
Arik’ ūnyihakanira imbere y’abantu, azokwihakanirwa imbere y’abamarayika b’Imana.
Na we abihakanira mu maso ya bose, at’ Ico uvuze sindanakizi.
Arik’ umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw ijuru.
Incoreke imubona yicaye ahabona, imwitegereje iravuga, iti N’uyu yari kumwe na we.
Hashize akanya gato, uwundi aramubona, aramubgira, ati Nawe nyene ur’ uwo muri bo. Petero aramwishura, at’ Eka wa muntu, si jewe.