5 Baranezerwa, basezerana kumuha amahera y’ifeza.
5 Na bo baranezerwa cane, baca bamwemerera amahera.
Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bga Balamu kubg’ amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora.
Bātaye inzira igororotse, barazimira, bakurikira inzira ya Balamu, mwene Beyori, umwe yakunze ingero zo kugabitanya,
Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.
Petero aramubgira, at’ Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuk’ ugira ngw ingabire y’Imana woyironkesha amahera.
(Kand’ uwo muntu amaze kugura ubgatsi ku vyo yahawekw ibiguzi vyo kugabitanya kwiwe, agwa yubamye, araturika, amara yiwe yose arasēseka.
Aragenda, aja inama n’abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero, y’uburyo bgo kumubaronkera.
Na we aremera, arondera uburyo bgo kumubaronkera, ishengero ritariho.