Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 22:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 ati Data, asangw’ ubigomba, kūra iki gikombe, kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 “Data, ubigomvye, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”

Gade chapit la Kopi




Luka 22:42
21 Referans Kwoze  

Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


Yongera kugenda ubga kabiri, arasenga, ati Data, asangwa bidashoboka yukw iki kindēngāna, shiti nkinywereyeko, ni bibe nk’uk’ ugomba.


Ati Abba, Data, vyose biragushobokera: kūra iki gikombe kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; Mber’ ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.


Maze Yesu abarira Petero, ati Subiza inkota mu rwubati: mbeg’ igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?


Yesu arishura, ati Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nnywereko? Na bo bati Turashobora.


Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kand’ urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


uku ni k’Umwami wawe Uhoraho agize, ari we Mana yawe ibūranira abantu bayo, at’ Ehe nkūye ca gikombe c’ukudandabagiranya mu kuboko kwawe, ni ko ka gakarabo, ari ko gikombe c’uburake bganje; ntuzosubira kukinywak’ ukundi:


Yongera kubasigaho, aragenda, asenga ubga gatatu, avuga amajambo amwe n’aya mbere.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ari we Mana y’Abisirayeli, at’ Enda abīra mu kuboko kwanje iki gikombe ca vino y’uburake bganje, ukiramize amahanga yose ngutumyeko, bakinywe.


Ikangure, ikangure, vyuka uve hasi, ewe Yerusalemu, uwo Uhoraho yasomesheje ku gikombe c’uburake bgiwe; wanyoye ku gakarabo ari ko gikombe c’ukudandabagiranya, uracīrāngūza.


ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Ego me, Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.


Yanse kubicungūrako, turīhorera, tut’ Ivyo Umwami agomba ni bibeho!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite