Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Arababarira ati Mwirinde ntimuzimizwe: kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bat’ Igihe kiri hafi: ntimuze mubakurikire.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Na we arabishura ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza. Kuko benshi bazoza biyita izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi ngo: ‘Igihe kirashitse.’ Ntimuze mubakurikire.

Gade chapit la Kopi




Luka 21:8
26 Referans Kwoze  

Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.


Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka,


Ntihakagire umuntu abahendesha amagambo y’ubusa: kukw ivyo ari vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.


Kandi hazokwaduka abīgira abavugishwa n’Imana benshi, bazimize benshi.


Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.


Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ba kamenyi banyu baba muri mwebge n’abapfumu banyu ntibabahende, kandi ntimukumvire inzozi babarotera.


Kukw abayobeza benshi baserutse bakaja mw isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Ūmeze artyo, ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo.


Kandi bazobabgira, bat’ Ehe nguriya: canke bat’ Ehe nguyu. Ntimuze mujeyo, kandi ntimubakurikire.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.


Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.


Jewe naje mw izina rya Data, ntimwanyakīra: ni hagira uwundi aza mw izina ryiwe ubgiwe, we muzomwākīra.


ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Baramubaza, bati Mwigisha, non’ ivyo bizobaho ryari? Ikimenyetso kizoba iki c’igihe ivyo bizogira bishike?


Kandi ni mwumva intambara n’imivurungano, ntimuze mucike ivutu; kukw ivyo bitazobura kubanza kubaho, arik’ umuhero ntuzoca ushika.


Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.


Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite