Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Baramubaza, bati Mwigisha, non’ ivyo bizobaho ryari? Ikimenyetso kizoba iki c’igihe ivyo bizogira bishike?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Baca baramubaza bati: “Mwigisha, ivyo bizoshika ryari? Ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?”

Gade chapit la Kopi




Luka 21:7
13 Referans Kwoze  

Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Ndababgire ukuri: Ab’ iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika.


Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwēgēra bihereranye, baramubaza, bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’ umuhero w’isi?


Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe?


Umwe abaza wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, at’ Ivyo bitangaza bizoshitsa ryari?


at’ Ivyo mubona ivyo, mu misi izoza ntihazosigara ibuye rigeretse ku rindi ridasamburiwe hasi.


Arababarira ati Mwirinde ntimuzimizwe: kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bat’ Igihe kiri hafi: ntimuze mubakurikire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite